AFISE IMYAKA 20 AKABA AMAZE KUBA NYINA W’IMPFUVYI 18

Annick Nzeyimana aba muri quartier Kajiji ya zone Kanyosha iri mu gisagara ca Bujumbura. Aho twamusanze mu nzu yasigiwe n’abavyeyi inyuma yo kwitaba Imana atwiganira ko yaciye aheba ishure kugira afashe barumunawe, aho ngo hari mu mwaka w’2017.

Nkuko abandanya atwiganira, ibibazo ntivyagarukiye ngaho gusa. Inyuma y’umwaka umwe musazawe yari yubatse nawe yarapfuye. Niho Annick yaca azana impfuvyi za musazawe kuzitunga iwe mu Kajiji kuko nyina azivyara nawe ngo yavuye muri Oman guca amahera aca apfira mu Kanyosha.
Mubo ahaye indaro ngo harimwo babiri bahora bakora ubuzi bwo kurera abana batwaye inda z’indaro ababakoresha baca barabirukana. Ashizemwo n’abana babo Annick Nzeyimana yemeza ko ari 18 bose hamwe.
Kugira umuryango wose ubeho, uwo muyabaga- muvyeyi avuga ko afise akazi ko gusuka imishatsi, umushahara ubonetse ngo arasuma ibifungurwa biciye ibihumbi ijana ariko ngo bimara indwi zibiri gusa.
Asaba uwobishobora wese kumwunganira kugira izo mpfuvyi ntizireke kwiga nkuko vyamushikiye. Agira ati: » jewe sinzosubira kwiga ntivyoba bigishoboka ariko abana banje ndipfuza gose ko biga bakazoshika kure kuko nabo barafise indoto nziza mu vyiyumviro vyabo ».
Yabivuze kuribuyu wa 11 kigarama, mu gihe ishirahamwe Youth For New Vision ryari riramutse risangira n’abana batishoboye mu ntumbero yo kubipfuriza umunsi mukuru wa Noël.
Wipfuza kugira ico umutereye? Mwakure kuri: 71518879
 

You Might Also Like