URWARUKA NGO RUKWIYE KWIYUBARA RUKIRINDA KWUBAKA RUTIYANDIKISHIJE

 » Umugabo wanje twubakanye tutanditswe, amezi atatu aheze twatanguye kubura ayo kuriha inzu. Ubukene bwaradufashe ico gihe nanje nari namaze gusama imbanyi n’ ivyo gufungura ntivyaboneka neza. Mu nyuma umugabo wanje yarantaye aragenda nubu sinomenya aho ageze.

Naciye ntangura guturatura, nsaba indaro canke nkaryama mu mazu ataruzura. Nahavuye mvyara umwana mbere ubu mfise batatu, ntivyoroshe kubagaburira canke kubaronkera ivyangombwa kuko n’ aho abatarenza imyaka 5 bavugwa ku buntu, abanje ntibabirekuriwe kuko tutanditswe. »
Iyo ni Intahe ya Concessa Habogorimana, umukenyezi akwije imyaka 25 wo muri karitiye Gisyo yo muri zone #Kanyosha iri mu gisagara ca Bujumbura.
Kubwa Concessa, abigeme barakwiye kwitonda ntibajane nyabahururu mu kuja kwubaka. Bobanza bakandikwa kuko nkubu uko avyemeza inkurikizi zavyo ariko azibona wenyene kuko umugabo yaramutaye, ibibondo akabikurikirana wenyene.
Kubwa Concessa ngo inzego zirakwiye kwongereza inguvu mu gusuzuma ko abantu bubatse batanditswe, abona ko vyogabanya ingorane zimwe zimwe mu kibano.
Akaba yabivuze kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11Kigarama 2021, igihe ishirahamwe Youth For New Vision ryari riramutse risangira n’abana batishoboye mu ntumbero yo kubipfuriza umunsi mukuru wa Noël.
Izo ngorane za Concessa Mwoba mumaze kuzibona aho mubaye? Hokorwa iki ngo zihere?
 

You Might Also Like