IRUHANDE YO KWIYUNGUNGANYA BAHISEMWO GUFASHA BA NTAHONIKORA

Mu gihe gisozera umwaka, imiryango irahimbariza Noweli abana.
Ariko abafise amikoro makeya ngo hari abo bidakundira. Abaronse ico batanga bosangira uwo munezero n’abatishoboye kugira nabo baronke icizere. Bimenyeshwa na Jean Adonis Ishimwe arongoye Youth For New Vision ryo mu #Kanyosha, ishirahamwe rihurikiyemwo urwaruka rwihaye kugana imbono nshasha ariryo terambere rirama.
 

 
Hari kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 11 Kigarama aho urwo rwaruka rwariko rurangiza ibikorwa vyo kuziganya no kuguranana vy’ umwaka w’2021, muri ugwo rukurikirane niho basangiye imfungurwa n’ ibinyobwa hamwe n’abatishoboye barenga 30.
Adonis avuga ko babitunganije kugira ngo bahe icizere n’umunezero abo bandi badafise amikoro.Agirako asaba uwo wese abishoboye kwunganira kugira umwana wa ntahonikora atere imbere kubwiwe ngo nabo ni Burundi bw’ ejo kandi bashigikiwe boshobora kugera ku ndoto nziza bafise gutyo iterambere kuri bose rizotebe rishike.
 

 

You Might Also Like